Uko wahagera

Kenya: Iterabwoba Rirageramiye Imitahe muri Kenya


Kenya kw'ikarata
Kenya kw'ikarata

Iterabwoba, ruswa, ubutungane bucumbagira n’amatora yimirije ni bimwe mu bintu bikomeye bishobora kugeramira gukora imirimo y’ubudandaji mu gihugu ca Kenya, ku bw’ikigo mpanuzwajambo, Control Risks, casohoye icegeranyo, “RiskMap” co mu mwaka w’2016.

Umuhinga mukuru w’ico kigo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, Paul Gabriel avuga ko ukugene abantu babona kw’akarere ko muri Afrika yo mu buseruko kageramiwe n’iterabwoba bigira ingaruka ku bagira imirimo y’ubudandaji n’ubutunzi bwo mu karere.

Yamara avuga ko abantu badatandukanye ibice bitandukanye vy’igihugu ca Kenya. Amenyesha kw’akarorero isosoyete ikorera mu gisagara ca Nairobi ishobora kutageramirwa cane n’iterabwoba nk’isosiyete ikorera ku rubibe rwa Kenya na Somaliya.

Ngo yamara abantu bo hanze bashobora kuba batavyumva.

Yamara umuhinga mukuru ku vyerekeye akarere ko muri Afrika yo mu buserurko, Paul Gabriel, avuga uko ibintu bimeze muri iki gihe bishobora guhinduka, mu gihe imirwi igira iterabwoba ihindura uburyo ikora.

Umuyobozi mukuru w’ikigo, Control Risks mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, Daniel Heal avuga kw’iterabwoba ataho ririko riraja.

Amenyesha kw’ibitero vy’iterabwoba bituma abanyamitahe bo hanze batazana imitahe yabo, canke ngo bakorane n’Abanyakenya canke amashirahamwe yo mu gihugu.

Abahinga b’ikigo, Control Risks, bavuga kw’abanyepolitike bavuga ko bazorwanya ruswa imbere y’amatora, ngo yamara ayo majambo ntashirwe mu bikorwa bamaze gutinda amatora.

XS
SM
MD
LG