Uko wahagera

Al-Shabab Itegura Ibitero Yambaye nk'Inteko za Afrika


Sheik Muktar Robow Abu Mansur, umwe mu bategetsi bakomeye b'umurwi al-Shabab
Sheik Muktar Robow Abu Mansur, umwe mu bategetsi bakomeye b'umurwi al-Shabab

Inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya bagabisha kw’abarwanyi b’umurwi al-Shabab bafise imigambi w’ukwihisha mu kwigira abasirikare b’uwo muryango kugira bagire ibitero.

Inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya, zizwi kw’izina rya AMISOM, zitangaza ko zifise amakuru avuga ko abarwanyi b’umurwi al-Shabab bafise imigambi y’ukwamabara impuzu z’igisirikare za AMISOM kugira bakore ubwicanyi bukabije mu bice vya Somalia biri mu minwe y’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’inteko za Reta ya Somaliya.

Ico bashaka gushikako n’ugutuma Abanyasomaliya bazira inteko za AMISOM, zakingiye Reta mu kiringo c’imyaka icenda irangiye.

Iryo gabishwa rya AMISOM ryashohotse uno musi ku wa gatatu biciye ku kibanza ca Twitter cayo, rimenyesha ko al-Shabab yaronse impuzu z’igisirikare z’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika izikuye mu makambi ya AMISOM.

XS
SM
MD
LG