Uko wahagera

Siriya: Reta Yagize intambwe Zikomeye ku Barwanya Ubutegetsi


Siriya kw'ikarata
Siriya kw'ikarata

Mu bubaye ubwa mbere kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’2013, inteko zishigikiye prezida wa Siriya, Bashar al-Assad zigeze ku bilometero mirongo ibiri na bitanu umuntu avuye ku rubibe rw’igihugu ca Turkiya, mu buraruko bwa Siriya.

Izo nteko zibandanya ibitero vyazo bishigikiwe n’Uburusiya vyashwiragije abarwanya ubutegetsi.

Abategetsi b’igihugu ca Turkiya bariko bagabisha kw’ibitero vy’urutavanako vy’indege z’ingwano z’igihugu c’Uburusiya n’ugutana mu mitwe gukomeye bishobora gutuma abasivile b’Abanyasiriya bagera ku bihumbi amajana atandatu baza ku rubibe n’igihugu ca Turkiya.

Yamara bamenyesha kw’ico bashaka gushikako ar’ugutuma abo bantu baguma inyuma y’urubibe rwa Turkiya mu buryo bwose bushoboka, bakabaha ivyo bakeneye bari inyuma y’urubibe rw’igihugu cabo.

XS
SM
MD
LG