Uko wahagera

ONU: Reta ya Siriya Yica Imbohe


Abagenzuzi b’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagiriza Siriya kwica kubwinshi abanyagihugu baco kiba cagize imbohe mu mabohero.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenenyesha ko ari ivyaha bihanwa n’amategeko mpuzamakungu.

Amatohozwa yakozwe n’abagenduzi ba ONU yashimikiye ku buhamya bwatanzwe n’abanyagihugu bashika amajana atandatu bacitse kw’icumu hamwe n’ababonye ingene ubuzima bumeze mu mabohero yo muri Siriya.

Iyo raporo ya ONU imenyesha ko reta ya Perezida Bashar yigeze gufunga abantu baharurwa mu bihumbi igihe kanaka abandi bazimanganye inyuma yaho bafatiwe abandi batwarwa n’imigwi yitwaje ibigwanisho.

ONU yagiriza reta ya Siriya kwicisha imbohe inzara, abandi bakabareka bakicwa n’indwara abandi ntibavugwe ibikomere.

Ayo matohozwa yakozwe kuva mu kwezi kwa gatatu umwaka w’2011 gushika ukwezi kwa cumi na kumwe umwaka w’2015.

XS
SM
MD
LG