Uko wahagera

Amerika: Kongere Isabwa Amafranga yo Kurwanya Zika


Perezida w'Amerika Barack Obama
Perezida w'Amerika Barack Obama

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yasavye inama nshingamateka amafranga arenga umuliyaridi n’imiliyoni ibihumbi amajana umunani y’amadolari yihutirwa agenewe gufasha kurwanya umugera wa Zika muri Reta zunze ubumwe za Amerika no mu bindi bihugu.

Mw’itangazo, ku musi wa mbere, ibiro vya Perezida vyatangaje kw’ayo mafaranga azofasha uburyo bw’ukurwanya uwo mugera, harimwo kwagura imigambi y’ukurwanya imibu, kwihutisha ubushakashatsi bw’ugutora urucandago n’ugufasha abapfasoni bibungenze batishoboye.

Ibiro vy’igihugu bijejwe kwirinda n’ukurwanya indwara muri Amerika, vyatangaje kw’abanyamerika bagiye hanze y’igihugu 50 bemejwe ko bafise wumugera wa Zika hagati y’ukwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka w’2015, n’ukwezi kwa kabiri, umwaka w’2016.

Umugera wa Zika wandukira biciye ku mibu, ushobora kwandukira biciye no mu mibonano mpuzabitsina.

Nta bimenyetso uwo mugera werekana ku bice 80 kw’ijana vy’abantu, yamara urageramira abapfasoni bibungenze.

XS
SM
MD
LG