Uko wahagera

Kolombiya Igeramiwe n'Umugera wa Zika


President Juan Manuel wa Kolombiya
President Juan Manuel wa Kolombiya

Perezida wa Kolombiya Juan Manuel Santos amenyesha ko abantu barenga ibihumbi bitatu n’ijana bibungenze bamaze gufatwa na wa mugera wa Zika uterwa n’imibu.

Perezida Santos, yamenyeshereje kuri televiziyo y’igihugu kumusi wa gatandatu ko atakiremeza ko uyo mugera ufitaniye isano n’abana bavuka bafise imitwe itameze neza n’ingorane zo mu bwonko.

Nta rucanco canke umuti w’uyo mugera uraboneka.

XS
SM
MD
LG