Uko wahagera

RCA: Ingabo z'Amahoro Zagirizwa Gufata ku Nguvu


Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu muri ONU, Zeid Ra'ad Al Hussein
Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu muri ONU, Zeid Ra'ad Al Hussein

Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Zeid Ra’ad Al Hussein yatangaje ku musi wa gatanu ko atewe impungenge bikomeye n’ivyagirizo bibandanya kuja ahabona kw’ifatwa ku nguvu ry’abana b’abakobwa rigirwa n’inteko z’abanyamahanga ziri muri Centrafrique.

Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ko vyinshi muri ivyo vyaha vyabaye mu mwaka w’2014, yamara vyamenyekanye mu ndwi zirangiye.

Umurwi w’abaserukira ishirahamwe ONU, muri Centrafrique, uherutse kubaza abigeme bane batangaje ko bafashwe ku nguvu n’abasirikare b’abanyamahanga.

Babiri muribo bamenyesheje ko bafashwe ku nguvu, mu gihe abandi babiri bavuze ko bahawe amafranga kugira baryamane n’abasirikare b’abanyamahanga. Ivyerekeye ubwenegihugu bw’abo basirikare ntibitomoye.

Igihe bafatwa ku nguvu, abo bigemje bari hagati y’imyaka cumi n’ine n’imyaka cumi n’itandatu.

XS
SM
MD
LG