Uko wahagera

Zimbabwe: Abantu Bane Batawe muri Yombi


Abategetsi bo muri Zimbabwe barafashe abagabo bane barimwo abategetsi babiri ba gisirikare hamwe n’uwutavugarumwe na reta.

Abo bagabo bagirizwa n’ubutegetsi bwa Zimbabwe ko bari mu mugambi wo guturitsa ikibombe mw’iyororero ry’inka rya perezida wa Zimbabwe Robert Mugabe.

Igipolisi ntavyinshi cavuze kur’abo bagabo ariko kimenyesha ko bagirizwa gutunga ibirwanisho kumvo zo guhungabanya umutekano no gukoresha amafaranga mu bikorwa vy’iterabwoba.

Amakuru ava mu butungane avuga ko igihe abo bagabo bane bafise imyaka iri hagati ya 29 na 37 bafatwa ku musi wa gatanu basanze mw’iyororero rya Mugabe hari amabombe ya peteroli.

Iryo yororero rya Mugabe riri ku bilometero 30 uvuye I Harare kumurwa mukuru wa Zimbabwe, mugice c’uburaruko.

Igipolisi ca Zimbabwe kimenyesha ko abo bagabo biyemereye ivyo bagirizwa

XS
SM
MD
LG