Uko wahagera

RCA: Amatora y'Abashingamateka Yafuswe


Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro y’igihugu ca Centrafurika, yarafuse amatora y’abashingamateka mu kwezi guheze, yamara yemeje kw’abahoze ari abashikiranganji ba mbere babiri bazohura mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Ejo ku musi wa mbere sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yatangaje kw’incuro ya mbere y’amatora y’abashingamateka kw’italiki mirongo itatu z’ukwezi kw’icumi na kabiri yaranzwe n’ibintu bitari bike bitagenze neza, ikaba yatangaje ko bamwe mu bahiganwa basa n’abagize uruhara mu bitagenze neza.

Umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro y’igihugu ca Centrafurika, Zacharie Ndoumba yatangaje kw’abantu batari bake bidogeye ukugene amatora yagenze.

Iyo sentare yararekuriye yamara incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu hagati y’abakandida babiri barangije n’amajwi menshi mu ncuro ya mbere y’amatora, Anicet Georges Dologuele na Faustin Archange Touadera.

Incuro ya kabiri y’amatora yari itegekanijwe kuba kw’italiki 31 z’ukwezi kwa mbere, yamara bisa nuko iyo ncuro izokwigizwayo.

XS
SM
MD
LG