Uko wahagera

Isiraheli Ntiyishimiye ko Irani Yakuriweho Ibihano


Minisitiri wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yariyamirije ingingo amakungu aheruka gufata yo gukuraho ibihano vy’ubutunzi yari yafatiye igihugu ca Irani.

Benjamin Netanyahu yamenyesheje ejo kumusi wa Mungu ko naho Irani yagiranye amasezerano n’ibihugu rutura kw’isi, Irani nicigeze gihagarika umugambi waco wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Netanyahu abandanya avuga ko Irani kigiye kuronka uburyo bwinshi bw’amafaranga buzotuma gihungabanya umutekano mu bihugu vy’Uburasirazuba bwo hagati no gushigikira ibikorwa vy’iterabwoba kw’isi.

Asaba amakungu gukurikiranira hagufi inganda Irani ikoreramwo ibirwanisho ruhonyanganda kandi amakungu yame agavye gusubizaho ivyo bihano mugihe Irani coca kubiri amasezerano yasinywe.

XS
SM
MD
LG