Uko wahagera

Al-Shabab Yateye Inteko za Kenya muri Somaliya


Ivyabona mu ntara ya Gedo mu gihugu ca Somaliya, bavuga ko abarwanyi b’umurwi al-Shabab bagize igitero uno musi ku wa gatanu kw’ikambi y’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika hafi y’igisagara ca El-Adde, ku bilometero mirongo itandatu mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’iyo ntara, Garbaharey.

Ibibonwako cari igitero c’umwihevyi cakwirikiwe n’ugutana mu mitwe n’inteko z’igihugu ca Kenya zari muri iyo kambi ya gisirikare.

Ivyabona babwiye Ijwi rya Amerika, Serivisi y’Igisomali, kw’abagize ico gitero binjiye muri iyo kambi bari mu makamyo yuzuye amabombe. Uguturika kw’ayo mabombe kwakwirikiwe n’ukurana gukomeye hagati y’abagize ico gitero n’abasirikare b’igihugu ca Kenya.

Umurwi Al-Shabab umenyesha ko wishe abasirikare barenga mirongo itandatu b’igihugu ca Kenya.

Icegera ca bulamatari w’intara ya Gedo, Mohamed Hussein Isaak yabwiye Ijwi rya Amerika kw’abasirikare mirongo ine b’igihugu ca Kenya canke barenga bishwe, yamara ku bamwe mu nteko z’igihugu ca Kenya bashoboye guhunga ikambi barimwo.

Ibiro vy’ishirahamwe ry’umurayngo w’ubumwe bwa Afurika muri Somaliya, bizwi kw’izina rya AMISOM vyemeje ico gitero, yamara nta birenga aho ivyo biro vyatangaje.

XS
SM
MD
LG