Uko wahagera

Burundi: ONU Iratabariza Abafatwa ku Nguvu


Mutakura killings
Mutakura killings

Umunyamabanga mukuru ajejwe agateka kazina muntu mw’’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu, ariyamiriza ubwicanyi bubandanya kugigwa mu Burundi.

Zeid Ra'ad Al Hussein agabisha ko igihugu kiriko gishika aho amategeko y’igihugu atazoba agikwirikizwa na gato kandi igihugu kizoba kiri mu kajagari..

Umutegetsi wa ONU Al Hussein yasohoye urwandiko kuri uyu musi wa gatanu aho avuga kw’ibikogwa vyo gusaka ibigwanisho vyagizwe n’inzego z’umutekano kw’itariki ya 11 z’ukwezi kwa 12 mu mazu y’imigwi ishigikiye abatavuga rumwe na reta, vyatumye haba ihonyanga ry’agateka ka zina muntu.

Al Hussein yavuze ko hariho ivyegeranyo vyerekeye ugufata abakenyezi ku bwinshi kwagizwe muri ivyo bikogwa vy’inzego z’umutekano, kimwe n’ivyegeranyo bivuga ko hari ibibanza vyahambwemwo abantu ku bwinshi.

Avuga kandi ko ivyo vyegeranyo ari ibitera akaruru bitabaza ku biriko biraba, harimwo n’ukugabisha ko ikibazo gitera gifata intumbero y’ubwoko.

XS
SM
MD
LG