Uko wahagera

ONU Ihangayikishijwe n'Uburundi


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon yamenyesheje ejo kuwa kane ko ahangayikishijwe nuko umutekano muke ubandanya wiyongereza mu Burundi.

Ban Ki Moon amenyesha kandi ko ubwicanyi buba mu Burundi bushobora gutandukira hanze y’imbibe z’Uburundi.

Ban Ki Moon asaba reta y'Uburundi gukora ibishoboka kugira igarukane ukwizerana hagati y’abarundi.

Mur’ivyo harimwo kurekura abafunzwe bahorwa ivyiyumviro vyabo hamwe no kureka amashirahamwe adaharanira inyungu za politiki gukora.

Ban Ki Moon amenyesha ko mu ndwi iza inama y’umutekano ya ONU igiye kugira urugendo mu Burundi. Arashima kandi akigoro kariko karakorwa n’uumuryango w’Ubumwe bwa Buraya.

Arangiza avuga ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikwiye gukora ibishoboka vyose kugira rihagarike uruhagarara ruri mu Burundi.

XS
SM
MD
LG