Uko wahagera

Obama na Putin Kuri Telefoni


Prezida Barack Obama wa reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yaraganiriye kuri telefoni na mugenzi we w’Uburusiya Vladimir Putin bavugana ku bibazo bitari bike.

Abategetsi bo mu biro vya Prezida Obama bamenyesheje ko abo bategetsi baganiriye ku twigoro turiko turakorwa kugira intambara iri muri Siriya ihagarikwe. Baraganiriye kandi n’ukuntu hokubahirizwa ihagarikwa ry’intambara mu gihugu ca Ukraine.

Josh Earnest umuvugizi mu biro vya Prezida Obama yamenyesheje ko abo bategesti bavuganye ukuntu ari ngombwa ko igihugu c’Uburusiya gihagarika gushigikira abarwanyi b’aba separatiste bariko bahungabanya umutekano muri Ukraine mur’iki gihe.

Bose uko ari babiri barashigikiye imfashanyo ya ONU mu biganiro vyo gutorera inyishu intambara muri Siriya, ibiganiro gushika ubu bitaratanga inyishu kuri kazoza ka Prezida Bashar al-Assad wa Siriya.

Reta ya Amerika yamye isaba Uburusiya guhagarika gufasha Prezida Assad no guhagarika gutera abarwanya ubutegetsi bwa Assad.

XS
SM
MD
LG