Uko wahagera

FIFA Yirukanye Umunyamabanga Mukuru wayo


Britain's Prince Harry, his fiancee Meghan Markle, Prince William and Catherine, Duchess of Cambridge attend the first annual Royal Foundation Forum held at Aviva in London.
Britain's Prince Harry, his fiancee Meghan Markle, Prince William and Catherine, Duchess of Cambridge attend the first annual Royal Foundation Forum held at Aviva in London.

Ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, ryahagaritse mu mabanga yiwe umufasha akomeye wa Perezida wa FIFA, Sepp Blatter, yagirizwa mu marorerwa yerekeye ibiturire.

Jerome Valcke yahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FIFA, yahagaritswe mu mabanga yiwe haheze amezi ane ku vyagirizo vyuko yagize uruhara mu kugurisha amatike mu buryo bw’amagendo. Jerome Valcke avuga ko ata kosa yakoze.

Vyitezwe ko Markus Kattner yabaye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FIFA vy’agateganyo kuva Valcke ahagaritswe mu mabanga yiwe, abandanya ayo mabanga. Azabikora kugeza igihe Perezida mushasha w’ishirahamwe FIFA atowe kw’italiki 26 z’ukwezi kwa kabiri.

Jerome Valcke yarirukanywe mw’ishirahamwe FIFA imbere yaho, mu mwaka w’2006. Yarasubiye mu mabanga yiwe umwaka umwe inyuma yaho.

Ihagarikwa ryiwe mu mabanga y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FIFA ribaye mu kiringo kiri musi y’ukwezi inyuma yuko Sepp Blatter aziririjwe mu bikorwa vyose vy’ishirahamwe FIFA mu kiringo c’imyaka umunani bifatiye ku miliyoni zibiri z’amadolari yahemvye mu buryo budasobanutse umutegetsi mukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu karere k’i Bulaya, Michel Platini.

Platini nawe nyene yaziririjwe kugira uruhara mu bikorwa vyerekeye umupira w’amaguru ku rwego rw’abawugize umwuga mu kiringo c’imyaka umunani.

XS
SM
MD
LG