Uko wahagera

Abatalebani Barekuye Umunyakanada


Abarwanyi b’abatalibani bararekuye umunyekanada bari bagize imbohe imyaka ishika itanu muri Afganistani.

Minisitiri wa Kanada w’imigenderanire n’ayandi makungu Stephane Dion yamenyesheje ejo ku wa mbere ko igihugu ciwe kinezerejwe nuko utwigoro cakoze kugira umunyagihugu Waco arekurwe twavuyemwo ikintu. Kimenyesha kandi ko uwo munyakanada azwi kw’izina rya Colin Rutherford agiye gusubira mu muryango we muri Kanada..

Minisititi Dion arashimira reta ya Qatar yafashije kugira umunyagihugu wabo arekurwe. Uwo munyekanada Rutherford yagiye muri Afghanistani mu mwaka w’ 2010. Abarwanyi b'abatalibani bamufata mu mwaka w’2011

XS
SM
MD
LG