Uko wahagera

HRW: Abantu 140 Barishwe muri Oromo muri Etiyopiya


Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu HRW rimenyesha ko abantu bashika ijana na mirongo ine bamaze kwicwa n’abajejwe umutekano ba Etiyopiya muri reta ya Oromo. Ubwo bwicanyi bwabaye mu gihe haba imyigaragamvyo yo kwiyamiriza reta

Ico gitigiri kiri kure cane n’igitigiri c’abantu batanu gusa reta yemera ko aribo bamaze gupfa kuva iyo migumuko itangura mu kwezi kwa cumi na kumwe k’umwaka urangiye.

Ishirahamwe Human Rights Watch ryamenyesheje ejo kuwa gatanu ko abasirikare ba Etiyopiya bamaze kwica abantu 140 bakomeretsa n’abandi benshi muco bise uruhagarara rwadutse muri Etiyopiya kuva mu mwaka w’2005 aho haba amatora yabayemwo ubwicanyi.

XS
SM
MD
LG