Uko wahagera

OMS: Urukingo rwa Kolera Ruzikuba Kabiri


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS rimenyesha ko hagiye kuboneka urucanco rwo gukinga ingwara ya kolera kugira barabe ko borokora ubuzima bw’abantu mu bihugu ico kiza cama kiriko kirahitana.

Amahinguriro abiri akomeye y’imiti niyo ariko arakora urwo rucanco. OMS imenyesha ko urwo rucanco ruzorwizwa incuro zibiri uno mwaka mugihe hari irindi shirahamwe rigira gatatu ryemerewe kurukora.

Dr Stephen Martin, umuhinga akorera OMS amenyesha ko urwo rucanco ruzokenerwa cane uyu mwaka muri Afurika. Ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ukuntu ikirere kiguma gihindagurika bituma ikiza ca korera ciyongera muri Afurika.

Ivyo nivyo vyatumye ico kiza gitera mubice vya Afurika nka Tanzaniya, Malawi na Kenya.

XS
SM
MD
LG