Uko wahagera

Ubuhindi: Abantu 6 Bateye Ikambi Bamaze Gupfa


Umusirikare w'Umuhindi mu kibanza ca Pathankot, catewe n'abarwanyi mu Buhindi
Umusirikare w'Umuhindi mu kibanza ca Pathankot, catewe n'abarwanyi mu Buhindi

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu c’Ubuhindi yatangajeku musi wa kabiri kw’abarwanyi batandatu bishwe inyuma y’igitero mu kibanza ca gisirikare mu buraruko bw’igihugu, kw’igikorwa kimaze imisi itari mike c’ugutuza abarwanyi muri ico kibanza kibandanya.

Abantu bitwaje ibirwanisho batanguye igitero mu kibanza ca gisirikare mu gisagara ca Pathankot hafi y’urubibe n’igihugu ca Pakistani ku musi wa gatandatu, igitero kimaze guhitana inteko zijejwe umutekano indwi.

Abategetsi b’igihugu c’Ubuhindi bavuga ko bazobandanya ibikorwa vya gisirikare muri ako karere gushika babone kw’ata barwanyi bakihabazwa.

Urunani rw’imirwi y’abarwanyi itari mike, “United Jihad Council” ikorera mu ntara ya Kashmir ku ruhande rw’igihugu ca Pakistani, yariyitiriye ico gitero.

Iyo mirwi iriko irondera kurangiza intwaro y’igihugu c’Ubuhindi mu ntara ya Kashmir, yamenyesheje ko izogira ibitero mu bibanza vyose vya gisirikare vy’igihugu c’Ubuhindi, ko Ubuhindi bwotegerezwa kurekurira abanya Kashmir gufata ingingo ku vyerekeye kazoza kabo ka politike.

Amakuru mu gihugu c’Ubuhindi yamenyesha ko umurwi Jaish-e-Mohammad ukorera mu gihugu ca Pakistani ariwo wagize ico gitero.

XS
SM
MD
LG