Uko wahagera

Burkina Faso: Perezida Mushasha Kabore Yarahiye


Ku ncuro yambere nyuma y’imyaka 30, igihugu ca Burkina Faso kironse umutegetsi mushasha. Aho ni nyuma yaho Perezida mushasha Roch Marc Christian Kabore yimitswe mumabanga y’umukuru w’igihugu kuri uno musi wa kabiri.

Umushingantahe Kabore yarahiye avuga ati “nzobungabunga, n’ubahirize, nshire mungiro nongera ngwanira iyubahirizwa ry’ibwirizwashingiro”. Ivyo yabivuze kuri radiyo na televiziyo by’igihugu, aho yari mubirori vyabereye ku murwa mukuru Ouagadougou.

Ukwo kurahira icese kwa Kabore kubaye nyuma y’amezi 14 aheze uwahoze ari umukuru w’igihugu Blaise Compaore akuwe kubutegetsi. Yavuyeho bitewe n’imyiyerekano yadutse nyuma yaho agerageje gushaka gutwara ikindi kiringo, nyuma y’imyaka 27 ari kubutegetsi.

Reta mfatakibanza yari iheruka gushingwa, niyo yateguye amatora yabaye mu kwezi guheze, muriyo Kabore akabayatsindiyemwo ibice 53 kw’ijana vy’amajwi.

Perezida mushasha Roch Marc Kabore afise imyaka 58.

XS
SM
MD
LG