Uko wahagera

Nijeriya: Boko Haram Yishe Abasivili 70


Nigeria kw'ikarata
Nigeria kw'ikarata

Ababa mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya bavuga kw’inteko z’igihugu ca Kameruni ziriko zariko zirondera abarwanyi b’umurwi Boko Haram zishe abasivile bagera kuri mirongo irindwi.

Ku bw’ivyabona, abasirikare binjiye mu mihana y’ahitwa Kirawa-Jimni mu ntara ya Borno, babaza abahaba iyo abarwanyi b’umurwi Boko Harama binyegeje, hanyuma baca batangura kurasa.

Benshi mu baba muri iyo mihana batunzwe n’ayo bameze kugira bahunge amasasi. Abahunze bamenyesheje ko igihe bagaruka musi wakwirikiye babonye hafi y’ibiziga vy’abantu mirongo irindwi bari barashwe.

Umuvugizi w’umurwi w’abarwanyi bo mu karere ka Kirawa-Jimni, Abbas Gava yavuze kw’abasirikare ba Reta ya Nijeriya bariko bakwirikirana abanywanyi b’umurwi Boko Haram igihe barasa abantu baba muri ako karere.

Kirawa-Jimni, n’imihana iri hafi y’urubibe rw’igihugu ca Nijeriya n’igihugu ca Kameruni, catanguye kurwanya umurwi Boko Haram kuva uwo murwi utanguye ibitero ku butaka bwaco mu mwaka w’2013.

XS
SM
MD
LG