Uko wahagera

Centrafrika: Benshi Bemeje Ibwirizwa Shingiro


Abatora mu gihugu ca Centrafurika barashigikiye ari benshsi cane itora rya referendumu kw’ibwirizwa shingiro igenewe guhagarika uruhagarara rwa politike rumaze hafi y’imyaka itatu muri ico gihugu.

Abategetsi bajejwe amatora, ejo ku musi wa mbere batangaje kw’ivyavuye mu matora vy’agateganyo vyerekana ko ibice mirongo icenda kw’ijana vy’abatora bashigikiye ibwirizwa shingiro rishasha, ryotuma Perezida agira gusa ibiringo bibiri vy’imyaka itanu, rikagabanya ububasha bw’igisirikare rikongera rikubahiriza ubwigenge bufatiye ku madini.

Abategetsi bajejwe amatora, yamara batangaje kw’igitigiri c’abitavye amatora ari ibice 38 kw’ijana gusa mu matora yabaye kw’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Amatora yaranzwe n’ubwicanyi, aho ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, rivuga ko abantu batanu bishwe, abandi mirongo ibiri barakomereka ku musi w’amatora mu gihe abashigikiye n’abadashigikiye referendum barasanye ku murwa mukuru wa Centrafurika, Bangui.

Ubwo bwicanyi bwatumye inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, zongereza umutekano.

Referendumu nintambwe itegura amatora mu gihugu ategekanijwe ku musi wa mungu uza.

XS
SM
MD
LG