Uko wahagera

Inteko za Iraki Zinjiye mu Gisagara ca Ramadi


Inteko za Iraki mu buraruko bw'igisagara ca Ramadi
Inteko za Iraki mu buraruko bw'igisagara ca Ramadi

Inteko z’igihugu ca Iraki uno musi ku wa kabiri zatanye mu mitwe hagati mu gisagara ca Ramadi n’abarwanyi b’umurwi Islamic State, mu kigoro kabo k’ugusubira kwigarurira ico gisagara kiri mu minwe y’umurwi Islamic State.

Sbah al-Numani umuvugizi w’ibiro bijejwe kurwanya biterabwoba mu gihugu ca Iraki, yatangaje ko ugutana mu mitwe kwabereye mu bice bikikije ibibanza birimwo inyubakwa za reta.

Inteko z’igihugu ca Iraki ziriko zikura amabombe yatezwe ku mabarabara mu gihe ziriko zitera zigira imbere.

Indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika, zaragize ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza vy’umurwi Islamic State ku nkengera z’igisagara ca Ramadi.

Gutakaza igisagara ca Ramadi mu kwezi kwa gatanu kwabaye ugusubira inyuma bikomeye kuri Reta y’igihugu ca Iraki n’igisirikare c’ico gihugu.

Akigoro k’ugusubira gufata igisagara ca Ramadi kiri ku bilometero ijana mu burengero bw’umurwa mukuru wa Iraki, Bagdad, vyafashe amezi atari make mu gutana mu mitwe kwabeye ku nkengera z’umurwa mukuru.

Igikorwa c’ugusubira gufata igisagara ca Ramadi catanguye neza mu kwezi guheze.

Inteko z’igihugu ca Iraki zafashijwe n’urunani ruyobowe na Amerika mu bitero mu bibanza vy’umurwi Islamic State rukoresheje ibitero vy’indege z’ingwano.

XS
SM
MD
LG