Uko wahagera

Impunzi Miliyoni mu Burayi mu mpera za 2015


Ishirahamwe mpuzamakungu ry’impunzi n’abimukira (IOM) ryamenyesheje ko igitigiri c’impunzi n’abimukira bashika mu burayi baciye mu mazi no kw’isi gishobora gushika ku muliyoni mundwi iza.

Iryo shirahamwe rifise icicaro I Jeneve mu Busuwisi ryabishikirije ejo ku musi wa gatanu aho ryahimbaza umusi mpuzamakungu w’impunzi n’abimukira.

Abantu bashika ibihumbi 990,761 nibo binjiye mu burayi bavuye muri Afrika canke mu burasirazuba bwo hagati. Abashika ibihumbi 800,000 binjiye muri bugiriki baciye muri Turukiya. Abarenga igice mur’abo n’ukuvuga ibihumbi 455,000 n’abanyesiriya.

Uwitwa Joel Millman avugira iryo shirahamwe IOM amenyesha ko abashika ibihumbi 4,300 kuwa binjiye kuwa gatatu bavuye muri Turukiya bituma biyumvira ko kumusi wa kabiri uza bazoba bamaze gushila ku gitigiri c’Umuliyoni w’impunzi.

Gusa, bamwe mu banyaburayi ntibishimira kwakira izo mpunzi mu bihugu vyabo.

XS
SM
MD
LG