Uko wahagera

Rwanda: Referendumu y'Itegeko Nshinga mu Bubiligi


 Referendumu y'itegeko nshinga mu Bubiligi
Referendumu y'itegeko nshinga mu Bubiligi

Abanyarwanda baba mu gihugu c’ububirigi batoye « Ego » Canke « Oya » kw’isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro.

Iyo ego canke oya kw'ihunduka ry’ibwirizwa shingiro ryo mu gihugu c’Urwanda igamije kuraba ahanini ko ingingo y’ijana na 101 yari sanzwe Itarekurira umukuru w’igihugu n'umwe w’Urwanda kurenza ibiringo 2 ayoboye ico gihugu yohinduka, kugira umukuru w’igihugu, Paul Kagame hamwe yovyifuza, asubire yitoze kurongora Urwanda ku ncuro ya gatatu.

Umufasoni Nyina wa se Pulchérie ayoboye bamwe mu banyarwanda baba mu gihugu c’Ububirigi yabwiye ijwi ry’Amerika ko ari ngombwa ko ibwirizwa shingiro ry’Urwanda risubirwamwo.

Ku kibazo c’uko hari ababona ko ari nka hamwe ibwirizwa shingiro ry’Urwanda ryohinduka, Perezida Paul Kagame akemera kubandanya ayoboye Urwanda ari demokarasi yoba isubiye Inyuma. Umushingantahe Casmir Sostene Havyamirira asigura yuko ababibona ukobataratahura ko demokarasi nyayo ishira imbere ivyifuzo vy’umunyagihugu.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na leta bashimye kutitabira aya matora , Innocent Twagiramungu wo muri FDU-Inkingi, yavuze ko batarota bemerera Perezida Paul Kagame kuzobandanya ayobora u Rwanda ku ncuro ya gatatu.

Abanyarwanda bagera ku bihumbi bitatu baba ku murwa mukuru no mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Ububirigi n’ibindi bice nka Luxembourg na Chypres nibo bari bitezwe kuza kugira ico bavuze biciye mu gutora canke kwanka ihinduka ry’ibirizwa shingiro nyarwanda.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:04 0:00

XS
SM
MD
LG