Uko wahagera

Moscou: John Kerry Yabonanye na Sergei Lavrov


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry na mugenziwe w'Uburusiya, Sergei Lavrov, i Moscou
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry na mugenziwe w'Uburusiya, Sergei Lavrov, i Moscou

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yaricaranye mu biganiro ku musi wa kabiri n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov.

Yamara abo bategetsi batangaje kw’uruhagara mu gihugu ca Syria, umurwi Islamic State, n’uruhagara mu gihugu ca Ukraine, arivyo bibazo vy'ukwihweza mu nama yabo i Moscou, aho John Kerry, agize urugendo rugira kabiri muri uyu mwaka.

Bwana Kerry avuga ko naho hari ivyo batumvikanako, bashoboye gukorana neza kqu bibazo bimwe bimwe. Amenyesha kw’Uburusiya bwagize intererano ikomeye mu biganiro ku masezerano yerekeye umugambi wa nucleaire w’igihugu ca Irani.

Akoresheje uwuhindura mu Cyongereza, umushikiranganaji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yatangaje ko ashaka kubandanya ibiganiro vyatanguwe na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, ku kungene Amerika, zishobora gufasha ku vyerekeye gutorera inyishu ikibazo co mu gihugu ca Ukraine.

XS
SM
MD
LG