Uko wahagera

Burundi: Reta Izokingira Abarundi n'Abanyamahanga


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, Alain Nyamitwe
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, Alain Nyamitwe

Reta y’Uburundi imenyesha ko igihugu cose cipfuza gukura abanyagihugu baco mu Burundi kibifitiye uburenganzira.

Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe.

Ariko Nyamitwe atangaza ko reta y’uburundi izobandanya gukora ivyo yiyemeje mu gukingira abarundi n’abanyamahanga bose.

Ivyo reta y’Uburundi ibishikirije inyuma yaho ku musi w’Imana reta zunze ubumwe za Amerika zasohoye itangazo ribuza abanyamerika kuja mu Burundi, risaba kandi abari mu Burundi kuvayo vuba bwango, mu gihe umutekano ubugizi bwa nabi bubandanya bwiyongera.

Abakozi bakorera Ubumwe bwa Buraya badakenewe cane mu Burundi mu kwezi kurangiye basabwe kuva mu Burundi hamwe n’imiryango yabo.

Alain Nyamitwe amenyesha kandi ko reta y’uburundi igenzura ibijanye n’umutekano, mu gihugu, harimwo n’umurwa mukuru Bujumbura.

Amenyesha kandi ko atamunyamahanga yagizweko iterabwoba canke yishwe mu Burundi kuva imyiyerekano itanguye.

XS
SM
MD
LG