Uko wahagera

Amerika Yamagana Ubwicanyi ku Makambi ya Gisilikari mu Burundi


Reta Zunzubumwe za Amerika ziratewe umutima uhagaze n’ibitero vyabaye mu bucagucagu bwo kuwa gatanu I Bujumbura, mu Burundi.

Mw’itangazo ryasohowe na deparitoma ya reta y'Amerika ejo kuwa gatanu, Amerika irateye ivyatsi zivuye inyuma ivyo bitero kandi zisaba impande zose zishamiranye guhagarika ubu nyene ubwo bwicanyi.

Umuryango w’ibihugu vya Afurika y’Ubuseruko usabwa gutanguza vuba bwango ibiganiro vya Politike vyo kurugero rwo hejuru hagati ya Reta n’abatavugarumwe nayo mu gutorera inyishu ivyo bibazo vy’umutekano. Amakuru ava mu karere amenyesha ko atanzibizi zikiriho, kubw’ivyo ntagutakaza umwanya, ibiganiro bikwiye gutangura vuba bwango.

Reta Zunzubumwe za Amerika zimenyesha ko ziteguye kwongereza ibindi bihano kubantu bafise uruhara canke bafata ingingo zituma amahoro n’umutekano vy’abarundi bihungabana.

Umufasha wa sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z'Amerika Linda Thomas-Greenfield ariteguye kandi ariko avugana n’abategetsi bo mu karere, mugihe intumwa idasanzwe ya reta zunzubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga bigari Tom Perriello nawe, ari mur’ako karere n’izindi ntumwa zidasanzwe mvamakungu.

XS
SM
MD
LG