Uko wahagera

USA: Impuguke mu Mategeko Ziratabariza Abarundi


Pierre-Claver Mbonimpa, umwe mu baharanira agateka ka muntu. Ishirahamwe arongoye riri muyugawe na leta y'u Burundi
Pierre-Claver Mbonimpa, umwe mu baharanira agateka ka muntu. Ishirahamwe arongoye riri muyugawe na leta y'u Burundi

Abigisha ivyerekeye amategeko muri kaminuza zitandukanye muri Leta zunze ubumwe za Amerika, banonosoye cane ivyerekeye agateka ka muntu, bafise impungenge zikomeye ku ngingo zafashwe na leta y’Uburundi.

Izo ngingo zirimo kuhagarika imirimo y’amashirahamwe cumi aharanira agateka ka muntu n’ayarwanya ruswa mu Burundi.

Mw’ikete bandikiye umushikiranganji ajejwe ubutungane w’Uburundi Laurentine Kanyana, abo bigisha bamenyesha kw’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu afise uruhara rukomeye mu guteza imbere intwaro ifatiye ku mategeko.

Abo banyamategeko bavuga ko ingingo iyariyo yose igeramira imirimo y’ayo mashirahamwe ikongera ikageramira umutekano w’abayobozi b’ayo mashirahamwe ari ikintu giteye impungenge ku baharanira agateka ka muntu aho bari hose.

Basaba umushikiranganji ajejwe ubutungane gufata ingingo zose zikenewe kugira basubize ayo mashirahamwe uburengenzira n’ubushobozi bwayo bw’ukurangura imirimo yayo n’ukubona ko akingiwe n’amategeko.

Abigisha b’ivyerekeye amategeko banditse iri kete n’abo mw’ishami ry’amategeko muri za kaminuza zikomeye ku mugabane w'Amerika ya ruguru nka Cornell muri leta ya New York, George Washington na American University zo muri Washington DC, Kaminuza ya Carliforniya iri i Bekerly mu ntara ya Californiya na kaminuza ya Ottawa iri mu ntara ya Ontario mu gihugu cya Canada.

XS
SM
MD
LG