Inzego z’ubutungane mu gihugu c’Ububirigi zimenyesha ko ejo ku musi w’Imana igipolisi cafashe abantu 16 bakekwa kugira uruhara mu bitero vy’iterabwoba, ariko bamenyesha ko umwe Salah Abdeslam ari kw’isonga ry’vyo bitero Atari mur’abi bafashwe.
Umuntu umwe niwe yakomeretse mur’urwo ruhigi rwakozwe mu bice bishika 20 hafi y’igisagara Buruseli, igisagara gushika ubu ubuzima busa n’ubwahagaze inyuma yahoo hiketswe ko imihari y’iterabwoba iriko itegura kukigabammwo ibitero.
Inzego z’umetekano ziyumvira ko Salah Abdeslam yoba yahungiye mu Bubirigi kw’italiki 14 z’uku kwezi inyuma y’amasaha make habaye igitero c’iterabwoba c’umuhari wa Etat Islamique I Paris mu Bufaransa, igitero cahitanye abantu 130 gikomeretsa amajana y’abantu.
Ukwiyunguruza hakoreshejwe amatereni hamwe n’amashure muri Buruseli bibandanya vyugaye no kur’uyu wa mbere mugihe inzego z’umutekano ziri mu bikorwa vyo gihuga izo ntagondwa zikora ibikorwa vy’iterabwoba.