Uko wahagera

John Kerry: Amakungu Ahanze Amaso Tunisia


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, amenyesha ko isi ihanze amaso igihugu ca Tunisia, kandi ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishaka ico gihugu catanguye revolisiyo mu karere k’Abarabu kugira intambwe.

Ivyo John Kerry yabitangarije mu gihugu ca Tunisia, aho ahagaze ubwa mbere mu rugendo rw’imisi itatu arimwo ruzoshimikira cane cane kubibazo vya politike n’umutekano muke mu gihugu ca Syria.

John Kerry yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahaye igihugu ca Tunisia, infashanyo y’amafranga arenga imiliyoni amajana indwi y’amadolari mu mwaka w’2011, zikaba ziyemeje uno musi ku wa gatanu gutanga ingurane nshasha.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Tunisia, Taieb Baccouche amenyesha ko Tunisia yakira neza ukugene Amerika iriko iyifasha kwubahiriza umutekano ku mbibe zayo.

Igihugu ca Tunisia carahayagijwe na Amerika ku kugene catunganije neza inzego zaco za poilitike inyuma ya revolisiyo muri ico gihugu.

XS
SM
MD
LG