Uko wahagera

Gutabara Aho Rukomeye muri Afurika y'Ubuseruko



Urwo rwego rugizwe n’abasirikare, abapolisi n’abasivili. Ntirukora mu gihe c’amatati y’abantu bashamiraniye bakoresha ibigwanisho gusa. Ariko bitegekanijwe ko no mu bihe vy’impanuka nk’imyuzurira, za nyamugigima, uruzuba rutera inzara abantu bagahunga naho nyene abagize urwo rwego baja gutabara n’ugufasha. Muriyi myaka ibiri irimbere, abagize urwo rwego bagiye kwigishwa ibitari bike mu bijanye n’ibikorwa bahamagarirwa.

Kuva urwo rwego rushingwa mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kane, nta henshi ruraja gufasha kiretse mu ngabo z’ubumwe bwa Afrika AMISOM ziri mu gihugu ca Somaliya aho abarugize baroye gufasha mu ndinganizo y’ibikorwa. Mu Burundi, ku musi w’Imana uheze hatanguye igikorwa c’ukwaka ibigwanisho ku nguvu ababitunze batabifitiye uruhusha. Leta y’u Burundi yavuzeko indorerezi mpuzamakungu zemerewe kuza kuraba ico gikorwa kibera ku mugaragaro .

Urwego rwama rwiteguriye gutabara ahabaye ingorane canke hahungabanye amahoro n’umutekano muri Afrika y’ubuseruko EASFmu mpfunyapfunyo y’icongerezarugizwe n’ibihugu cumi. Navyo ni u Burundi, u Rwanda, Kenya ; Uganda, Etiopiya, amazinga ya Seychelles,Somaliya, Sudani n’amazinga ya Comore. Icicaro c’urwo rwego kiri mu gihugu ca Etiyopiya. Muri Afrika hari inzego nk’izo zitanu.

Ziri mu mirango itanu nyene igize umugabane wa Afrika. N’ukuvuga Afrika y’ubuseruko, iyamajepfo izwi nka SADEC , Afrika yo mu buraruko ikunze kwitwa Magreb , Afrika yo mu burengero hamwe rero na Afrika yo hagati.

.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:29 0:00



XS
SM
MD
LG