Uko wahagera

Burundi: Visi-Perezida Avuga ko Igihe cy'Imikino Cyarangiye.


Abapolisi hamwe n'abasiriakre, bariko barashwiragiza abantu bagira imyiyerekano
Abapolisi hamwe n'abasiriakre, bariko barashwiragiza abantu bagira imyiyerekano

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yarakoresheje inama y’umutekano muri komini Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Mur’iyo nama yatunganije ari kumwe n’abashikiranganji batanu ba reta y’Uburundi, umushingantahe Gaston Sindimwo, yarateye akamo abajejwe intwaro kabasaba gushikira abo barongoye kugira ngo babasabe gusubiza ibigwanisho, hatarenze kw’igenekerezo rya 5 Munyonyo mur’uyu mwaka.

Umushingantahe Gaston Sindimwo yaribukije kw’igihe co gutera akajagari hamwe n’umutekano muke carangiye, yongera aragabisha kw’abazoba batarasubiza ivyo bigwanisho kur’iyo tariki, bazovyamburwa ku nguvu.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Evariste Nzikobanyanka ni we wakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:34 0:00

Icegara ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yarahaye ikiganiro kandi iradiyo Ijwi rya Amerika, cerekeye inama z’umutekano yakoresheje mu makomine yo mu gisagara ca Bujumbura:

Mushobora kwumviriza:

please wait

No media source currently available

0:00 0:06:02 0:00

XS
SM
MD
LG