Uko wahagera

MONUSCO NA FARDC Barwanya Umutwe wa ADF


Igisirikare ca Reta iharanira Demokarasi ya Kongo kuwa gatanu caratanguje ibitero ku barwanya ubutegetsi b’Abaganda b’umuhari w’aba Islamiste ADF bamaze imisi bagaba ibitero ku gisirikare ca Kongo.

Ivyo bitero bibera mu ntara ya Beni igisirikare ca reta iharanira demokarasi ya Kongo iriko ibifashwamwo n’inteko za MONUSCO ziri mur’ico gihugu.

Ariko Lieutenant Mike Azukai avugira izo nteko za MONUSCO ntashima kuvuga ibijanye n’ivyo bikorwa bakorana na reta ya Kongo.

Ugukorera hamwe mu vya gisirikare hagati ya MONUSCO n’igisirikare ca reta iharanira demokarasi ya Kongo vyari vyahagaze mukwezi kwa kabiri igihe ONU itakiriye neza igenwa ry’abasirikare babiri b'ico gihugu bagirizwa guhungabanya agateka kazina muntu. ONU yabaregaga ko barongoye inteko za Kongo zirwanya abo barwanya ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG