Uko wahagera

Ubuhindi Burareshya Umugabane w'Afurika


Minisitiri w'intebe w'Ubuhindi na Perezida w'Afurika y'Epfo
Minisitiri w'intebe w'Ubuhindi na Perezida w'Afurika y'Epfo

Igihugu c’Ubuhindi kiriko kirondera gukomeza ugukorana mu vya politike n’ubutunzi n’ibihugu vyo muri Afurika mu nama iriko ibera ku murwa mukuru, New Delhi. Iyo nama yitabwe n’abakuru b’ibihugu barenga mirongo ine bavuye mu karere ka Afrika.

Mu kuvuga ko Ubuhindi na Afurika ari intara zibiri zirimwo umwizero ku vyerekeye ubutunzi bw’isi, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi yatumiye abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika uno musi ku wa kane aho yatanze umuhango ku vyerekeye gukorana nabo kugira bashikire iterambere.

Mu bategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika barimwo Perezida wa Afurika y’epfo, Jacob Zuma, Robert Mugabe wo muri Zimbabwe, Muhammadu Buhari wo muri Nijeriya, Abdel Fattah al-Sisi wo mu gihugu ca Misiri.

Nkuko Ubushinwa bwabigenjeje mu kugira igihagarararo kiboneka cane mu karere ka Afurika, Ubuhindi bushaka gukomeza imigenderanire mu vy’ubutunzi naho ico gihugu kiriko kirondera gushikira amatungo akomeye ari mu butaka bw’akarere ka Afurika, cane cane ibitoro.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Nerandra Modi amenyesha kw’Ubuhindi bushaka gukomeza ubudandaji n’imitahe hagati y’igihugu ciwe n’Afurika.

Yatangaje imiliyaridi 10 y’amadolari y’ingurane nshasha n’imiliyoni amajana atandatu y’amadolari y’infashanyo yerekana ukwiyemeza kw’Ubuhindi ku vyerekeye iterambere ry’akarere ka Afurika.

XS
SM
MD
LG