Uko wahagera

Cote d'Ivoire: Alassane Ouattara Yatsinze Amatora


Prezida wa Cote d' Ivoire Alassane Ouattara.
Prezida wa Cote d' Ivoire Alassane Ouattara.

Muri Cote d’ivoire, reta itangaza ko umukuru w’igihugu Alassane Ouattara, yatsinze amatora akaba agiye kuyobora igihugu ikiringo ca kabiri c’imyaka itanu.

Akagwi k’igihugu kajejwe gutegura amatora, katangaje kuri uno musi wa gatatu ko Ouattara yatowe ku majwi mirongo umunani n’atatu n’ibice mirongo itandatu na bitandatu kwijana.

Muri ayo matora yabaye ku musi wa mungu, ako kanana kajejwe gutegura amatora kari kagereranije ko abantu bagera kubice mirongo itandatu kw’ijana bari kuyitabira. Imigwi itavuga rumwe na reta yo yari yavuze kw’ibice mirongo itanu kw’ijana bonyene aribo bari biteguriye kuyitaba.

Urunani rw’imigwi itavuga rumwe na reta ivuga ko itemera ibitigiri vy’abitavye amatora vyashikirijwe, bakavuga kw’abantu benshi batayitavye, kandi ko ibice mirongo ibiri kw’ijana bonyene aribo batoye.

XS
SM
MD
LG