Uko wahagera

Ingabo z'Amerika Zizaguma muri Afuganisitani


Prezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z'Amerika ejo kuwa kane yarafashe ingingo ko azogumiza abasoba ba reta zunzubumwe za Amerika basanzwe bari muri Afganistani gushika mu mwaka w’2016.
Abo basirikare bazogumayo batanga imyimenyerezo ya gisirikare ku basirikare ba Afganistani no kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba.

Iyo ngingo ntiyoroheye Barack Obama gufata mugihe agishika ku butegetsi yari yamenyesheje agiye kurangiza vuba bwango intambara muri Iraki na Afganistani no gukura abasirikare bari muri Afganistani.

Amenyesha ko azogumizayo abasirikare 9800 basanzweyo gushika mu mwaka w’2016, ico gitigiri ngo kizogabanuka gishike ku 5500 imbere yuko ikiringo ciwe kirangira mu kwezi kwa mbere umwaka w’2017.

Perezida Ashraf Ghani wa Afganistani yakiriye neza iyo ngingo aho amenyesha ko iyo ngingo ifashwe inyuma y’ibiganiro vyamaze amezi atari make bimuhuza na Perezida

XS
SM
MD
LG