Uko wahagera

HCR Iriyama Ibitero bya Boko Haram ku Mpunzi


Inkambi y'impunzi z'AbanyaCadi ya Kousseri muri Kameruni i
Inkambi y'impunzi z'AbanyaCadi ya Kousseri muri Kameruni i

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe impunzi kw’isi HCR, biranegura vyivuye inyuma ibitero vy’ubwihevyi vyagizwe n’umugwi w’abagwanyi bo muri Nijeriya witwa Boko Haram.

Ivyo bitero vyagizwe hakurya mu burengero bw’igihugu muri Cadi hapfa abantu benshi. Muri bo harimwo abari barateshejwe ingo zabo.

Ivyo bitero vy’ubwihevyi, vyagizwe kw’isoko ridandarizamwo amafi ku musi wagatandatu uheze, muntara ya Baga Sola kimwe no muri site y’impunzi y’ahitwa Kousseri. Ivyo bitero vyagizwe n’abihevyi babakenyezi batatu hamwe n’abasore babiri, vyahitanye abantu 47, bikomeretsa abandi benshi. Hafi igice c’abahitanywe n’ivyo bitero bari abo muriyo kambi y’impunzi y’i Kousseri.

Leo Dobbs, umuvugizi wa HCR yabwiye Ijwi rya America ko ari igitero cambere nkico kigizwe aho I Baga Sola.

Abasirikare b’urunani rw’ibihugu vy’akarere kw’uburengero bwa Afurika bagera ku bihumbi umunani na majana indwi, baherutse kurungikwa muri Cadi ku gwanya uwo mugwi w’abaIslamiste ba Boko Haram ariko ibikogwa vyabo ntibiratangura.

XS
SM
MD
LG