Uko wahagera

Burundi: CNDD Yizihije Intsinzi y'Amatora


Umugambwe CNDD FDD wiginye kuri uno musi wa gatandatu intsinzi wakuye mu matora aherutse kuba yo 2015. Iyo ntsinzi yiginywe mu makomine yose agize igihugu c’uburundi. Abanyacubahiro bamwe bamwe bagiye guhimbariza uyo musi mukuru mu ma komine bavukamwo.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Pierre Nkurunziza yayihimbarije muri commune Mwumba intara ya ngozi. Umukuru w’inama nshingamateka akaba n umukuru w’umugambwe CNDD FDD pascal NYABENDA nawe yari muri commune bubanza intara ya bubanza.

Kuri uyo musi mukuru ijambo ryashikirijwe ni rimwe ku gwego rw’igihugu. Muri mairie ya bujumbura muri commune ya mukaza iryo jambo ryasomwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNDD/FDD muri Bujumbura Idi KABANO.

Muri iryo jambo, abagumyabanga baragaruka ku ntsinzi baronse bitoroshe. Aho bavuga abanyepolitique basokoye akarenge mu matora, imyiyamamazo igwanya ikiringo cagatatu ca petero nkurunziza, abakozi ba CNI batanze imihoho, hatibagiwe ugushaka gutembagaza ubutetsi kwashatse kuba imana irakinga

XS
SM
MD
LG