Uko wahagera

Burundi: Ijambo Umuyobozi wa CNARED, Leonard Nyangoma, Yashikirije Abarundi


Umuyobozi wa CNARED, Leonard Nyangoma
Umuyobozi wa CNARED, Leonard Nyangoma

Leonard Nyangoma ayoboye inama y’igihugu iharanira iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro, amasezerano y’I Arusha n’ubutegetsi bushingiye ku ntwaro ibereye mu gihugu c’Uburundi, mu mpfunyapfunyo, CNARED, yiyamirije ubwa nyuma ivyo avuga ko ari ihonyangwa ry’amasezerano y’I Arusha n’ibwirizwa shingiro bikorwa na Petero Nkurunziza.

Avugako Abarundi, eka n’amakungu bahanze amaso urunani rwaraye ruvutse CNARED, amenyesha ko bose biteze ko rubabera urumuri rwo kubavana mu mwijima intwaro iri mu Burundi imajijemwo abarundi imyaka cumi yose.

Nyangoma avuga ko urunani CNARED ruje hageze.

Avuga ko urunani CNARED ruje mu gihe Abarundi barushe, bariko barabura ababo ku musi ku musi, bariko barangara basiga ivyabo n’amatongo yabo, bariko baricwa n’abaobakijije.

Leonard Nyangoma avuga ko urunani ayoboye CNARED rwumva amarira y’Abarundi, rwumva ububabare bwa benegihugu baturubitswe n’intwaro y’agacinyizo ya Nkurunziza, avuga ko urunani CNARED ruje ariyo nyishu y’amahoro ahanze Uburundi n’Abarundi.

Leonard Nyangoma avuga ko uyu musi ariko bariko basezerera ikiringo ca nyuma ca Petero Nkurunziza. Amenyesha ko bashaka gususbira gushikiriza Abarundi n’amakungu aho urunani CNARED ruhagaze ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkzurunziza.

Amenyesha ko kubwabo, Nkurunziza ata burenganzira na bumwe agifise bwo gutwara Uburundi mu kigingo kigira gatatu, ngo kubera biteye kubiri n’amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa Shingiro. Atangaza ko kuri uyu musi, igenekerezo rya 26 Myandagaro, umwaka w’2015, kuva isaha umunani, Nkurunziza azoba arangije ikiringo ciwe co kurongora Uburundi n’Abarundi.

Leonard Nyangoma avuga ko niyo Nkurunziza yaguma ku butegetsi, abanyagihugu bose, cane cane bari inyuma ya CNARED bazomufata nk’umugumutsi, umugarariji.

Atangaza ko CNARED imusaba mu masaha asigaje, ko aho kurahirira gushira umuzigo ku banyagihugu n’igihugu, ahubwo yorahirira gusezera neza ubutegetsi. Ngw’ivyo navyo nta kundi yobigira atari ukwemera ata guhigimanga kugirana ibiganiro bijana Ubzurundi kw’iterambere n’Abarundi bose, biciye ku babaserukira nka CNARED.

Leonard Nyangoma amenyesha ko muri ivyo biganiro bazomufasha gukinjura akairi mwiza, agende mu mahoro, aharonke inyungu n’Abarundi baharonkere inyungu.

Mu ncamake avuga ko ingingo nyamukuru z’ivyo biganiro ari izikwirikira:

-Kwumvikana ingene Nkurunziza yosezererwa qku neza yiwe n’iy’Abarundi

-Kwumvikana ingene boshinga inzego mfatakibanza n’imirimo nyamukuru yazo ari yo:

* Kugarukana icuka ciza mu gihugu,na cane cane umutekano mu gihugu cose, imirwi ifise ibirwanisho itabifitiye uburenganzira yabanje kuvyakwa

* Kwumvikana ikiringo intwaro mfatakibanza yomara kugira habone gutunganywa amatora nya matora atuma abanyagihugu batera imbere aho guhunga igihugu cabo abandi batotezwa bakicwa bahorwa imigambwe barimwo

* Gutegekanya ivyo gutahukana impzunzi n’abanya poilitike bomowe n’intwaro ya Nkzurunziza.

* Gutegekanya ibikenewe kugira ngo amaradiyo yari ahasanzwe asubire gukora ukuri kwamye.

XS
SM
MD
LG