Uko wahagera

Inararibonye zo Kw'isi Zateye Akamo k'Amatora Yemewe kandi Atagira Akanenge mu Burundi


Kofi Annan, ayoboye Inararibonye zo kw'isi, akaba yigeze kuba umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U
Kofi Annan, ayoboye Inararibonye zo kw'isi, akaba yigeze kuba umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U

Inararibonye zigizwe n'abahoze ari abategetsi bakomeye bo kw'isi, bateye akamo Reta y’Uburundi k’ugufata intambwe zikomeye, kugira amatora y’umukuru w’igihugu yimirije abe amatora yemewe kandi yubahirza ibisabwa hisunzwe amasezerano yo mu karere ka Afrika, ku bijanye n’amatora arangwa na demokrasi n’ubuyobozi bwiza.

Ayo masezerano Uburundi bwayateyeko igikumu mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’2007, akaba yaremejwe n’ibindi bihugu bitari bike vyo mu karere ka Afrika.

Kofi Annan, ayoboye izo nararibonye, yigeze kuba umunyamabanga amukuru w’ishirahamwe ampuzamakungu O-N-U, yatangaje kw’amatora atawe akumira, abereye ahabona ashobora kuzana umutekano mu gihugu.

Ngw’ivyo bitabaye, ayo matora azotuma ibintu bimera nabi kurushiriza, ah’ugutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi. Ngw’ayo matora ntazotuma abayatsinze bemerwa, mu bitazofasha gutorera inyishu ibibazo bikomeye bigeramiye igihugu, muri iki gihe.

Izo nararibonye zivuga ko uburyo amatora azoba yabayemwo, bizoba bihambaye kugira agende neza.

Batangaza ko kubera izo mvo, italiki y’amatora yotegerezwa gushirwaho biciye mu mwumvikano hagati y’impande zose.

Kugira ibikenewe bishirweho, izo nararibonye zisaba kw’ibiganiro hagati y’abanyapolitike vyosubira kubandanya, abanyooro bapfungiwe ivya politike bakarekurwa, itangazamakuru rikarekurirwa gusubira gukora mu mwidegemvyo, imikangara yahawe ibirwanisho ikavyakwa.

Imigambwe yose ya politike itegerezwa kurekurirwa kwiyamamaza ata gutegwa ubwoba, abakwirikirana amatora bo mu mahanga bakarekurirwa kuja aho hose bifuza kuja ata ntambamyi.

Inararibonye, zirimwo abahoze ari abategetsi bakomeye, zimenyesha kw’ivyo ari ibintu ngenderwako bitegerezwa kwubahirizwa, kugira habe amatora arangwa n’umwidegemvyo kandi atagira akanenge, n’ugutuma Reta ivuye muri ayo matora yemerwa, umutekano n’iterambere navyo birangwa mu gihugu.

Izo nararibonye zigizwe n’abategetsi bigenga bakoresha igihagararo cabo, ku bijanye n’amahoro, ubutungane, n’agateka ka muntu kw’isi.

Uwo murwi washiznwe na Nelson Mandela mu mwaka w’2007.

Twobamenyesha kw’izo nararibonye zigizwe na Marti Ahtisaari, Kofi Annan, Ela Bhatt, Lakhdar Brahimi, Gro Harlem Bruntland, Fernando Henrique Cardoso, Jimmy Carter, Hina Jilani, Graca Machel, Mary Robinson na Ernesto Zedillo.

XS
SM
MD
LG