Uko wahagera

Reta y'Uburundi Ntaco Izohindura Kubera Iriko Iremerwa n'Amakungu


Bujumbura kw'ikarata
Bujumbura kw'ikarata

Reta y’Uburundi ku musi wa kabiri yiyamirije ukuremerwa n’amakungu gutera kwiyongera, ku bijanye n’umugambi wa prezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza w’ugusubira kwitoza mu kindi kiringo. Reta y’Uburundi ikaba yamenyesheje kw’itazogondozwa n’ibinebaguro vy’amakungu.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida, Philippe Nzobonariba, yatangaje kuri radiyo ya Reta ko prezida Nkurunziza atarahindura aho ahagaze, naho ibibazo vya politike vyatumye haba imyiyerekano, igeragezwa rya coup d’etat n’ugukumirwa n’amakungu.

Reta y’Uburundi iratewe amakenga n’ibiriko bikorwa n’amakungu ku bijanye n’ibiganiro bishobora kugeramira inzego z’igihugu, n’ibwirizwa shingiro.

Reta y’Uburundi ivuga kw’ibibazo bifatiye ku bwigenge, ibwirizwa shingiro n’amategeko y’igihugu bidashobora kuganirwa. Ngo Reta y’Uburundi ntizoganira ibibazo bigeramira inzego zayo.

XS
SM
MD
LG