Uko wahagera

Abapfasoni Batabawe muri Nigeria Bajanywe mw'Ikambi y'Impunzi


Ikarata ya Nigeria
Ikarata ya Nigeria

Abapfasoni n’abana amajana n'amajana banyurujwe mu gihugu ca Nigeria, bariko barafashwa mw’ikambi y’impunzi inyuma yuko batabawe mw’ishamba riri mu buraruko buhsira ubuseruko bw’igihugu, aho bari bagizwe imbohe n’umurwi w’abarwanyi, Boko Haram.

Umurwi w’abapfasoni n’abana amajana abiri na mirongo irindwi na batanu bajanywe mw’ikambi ya Malkoho, mu ntara ya Yola, aho bariko barafashwa.

Umutegetsi wo muri iyo kambi avuga ko benshi muri abo bana bariko bitabwaho, kubera bameze nabi cane bivuye ku gufungura nabi. Benshi mu bapfasoni n’abigeme bagizwe imbohe n’umurwi Boko Haram, bakoreshejwe nk’abashumba ku bijanye n’imibonano mpuzabitsina, abandi bakoreshwa nk’inkinzo.

Abategetsi bavuga ko bariko bagerageza kumenya iyo bapfasoni canke abo bana baturuka, mu kuvuga ko badasa n’abari mu murwi w’abanyeshule b’abigeme amajana abiri, banyurujwe mu mwaka uheze, mu gisagara ca Chibok.

XS
SM
MD
LG