Mu gihe hamaze imisi haba imyiyerekano mu gihugu c’uburundi nyuma y’itangazo ry’uko President Pierre Nkurunziza yemejwe n’umugambwe CNDD-FDD ko ariwe azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu y’imikirije, uwahoze ari umukuru w’igihugu c’uburundi PresidentSylvestreNtibantunganya avuga ko ayishigikiye. Abivuga mu kiganiro yahaye mugenziwacu Auraine Itangishaka kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza.