Uko wahagera

Amerika Iratewe Impungenge n'Umwuka Mubi mu Burundi


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, rimenyesha ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitewe impungenge bikomeye, n’umwuka mubi utera wiyongera mu Burundi, imbere y’amatora ategekanijwe gutangura mu kwezi kwa gatanu, mu vyatumye ku bw’ibiro vy’umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ajejwe impunzi, Abarundi barenga ibihumbi umunani bahungira mu bihugu bibanyi vy’Uburundi, aho bavuga ko bahunga iterabwoba n’ubwicanyi, harimwo imikangara y’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba impande zose, mu Burundi, kugira uruhara rwubaka, kandi rurangwa n'amahoro, mu mugambi w'amatora, n’ukwirinda ibikorwa ivyarivyo vyose harimwo, amajambo y’urwanko, ubwicanyi n’akandi gasomborotso, bishobora gutera ubwoba, n’umutekano muke, mu gihugu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba igipolisi n’igisirikare c’Uburundi, n’abandi bose bajejwe umutekano, kwubahiriza umutekano, mu buryo ataho buhengamiye, mu gihe c’amatora, n’ugukingira abasivile iterabwoba n’izindi nyifato zityoza uburenganzira bwabo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zizobandanya gukwirikiranira hafi, uko ibintu bigenda mu Burundi, kandi zizofata ingingo aho bizoba bikenewe, harimwo kwima visa z’ukwinjira muri Amerika, ku bantu bazoba bategetse, bateguye canke bagize uruhara, mu bikorwa vy’ubwicanyi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zivuga kw’ubwicanyi ata kibanza bufise, mu matora arangwa na demokrasi, kw’abazoba bakoze ubwicanyi batazokwakirwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba Reta y’Uburundi gutuma abakoze ubwicanyi babibazwa, hisunzwe amategeko.

XS
SM
MD
LG