Uko wahagera

Abantu Indwi Barishwe muri Nigeria, mu Matora y'Abaserukira Intara


Des urnes dans un bureau de vote de Serrekunda, le 30 novembre 2016
Des urnes dans un bureau de vote de Serrekunda, le 30 novembre 2016

Abantu indwi canke barenga barishwe, ku musi wa gatandatu, mu gihugu ca Nigeria, mu gihe abanyagihugu bagiye mu matora y’uguhitamwo ba Bulamatari, n’abandi baserukira intara zigize Nigeria.

Ubwo bwicanyi bubaye indwi zibiri inyuma yuko Muhammadu Buhari, atsinze Goodluck Jonathan, mu matora y’umukuru w’igihugu, yabaye mu mahoro muri rusangi.

Abanya Nigeria batoye, ku musi wa gatandatu, ba Bulamatari b’intara mirongo itatu na zitandatu zigize Nigeria. Igitigiri c’abitavye amatora cari hasi, umuntu akigereranije n’igitigiri c’abitavye amatora y’umukuru w’igihugu.

Abakwirikirana amatora, bamenyesheje kw’abantu indwi bishwe, mu ntara ya Rivers.

Ivyabona babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, kw’ukurasa kwabereye, ku mabarabara y’ibisagara bitari bike vyo mu ntara ya Rivers, vyatumye abatora baguma mu mazu yabo, igikorwa c’ugutora kikaba catanguye gitevye, amasaha atari make inyuma yuko abantu bari mu myiyerekano yo mu gitondo, mu gisagara ca Port Harcourt, batebesheje igikorwa c’ugutanga ibikoresho vy’amatora.

Ubwicanyi, n’uruhagarara, vyaratangajwe kandi mu ntara ya Lagos, Delta, Ebonyi na Akwa.

XS
SM
MD
LG