Uko wahagera

Amerika Yariyamirije Irekurwa rya Zaki-ur-Rehman Lakhvi


Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziyamirije ingingo y’igihugu ca Pakistani, y’ukurekura Zaki-ur-Rehman Lakhvi, yikekwa kw’ariwe yari inyuma y’ibitero vyagizwe, mu gisagara ca Mumbai, mu mwaka w’2008, vyahitanye abantu ijana na mirongo itandatu na batandatu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Jeff Rathke, yatangaje, ku musi wa gatanu ko Amerika itewe amakenga bikomeye n’ingingo ya sentare y’ukurekura Zaki-ur-Rehman Lakhvi, inyuma yuko atanze ingwati.

Lakhvi, umutegetsi akomeye nmu vy’igisirikare, w’umurwi ukorera mu gihugu ca Pakistani, Lashkar-e-Taiba, yari mu munyororo kuva mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’2009, igihe we n’abandi batandatu bagirizwa ku bijanye n’igitero cagizwe, mu gisagara ca Mumbai, mu gihugu c’Ubuhindi mu mwaka w’2008.

XS
SM
MD
LG