Uko wahagera

Preszida Obama, na Prezida Castro, Barabonana, Uno Musi ku wa Gatandatu


Prezida wa Amerika, Barack Obama ashitse ku kibuga mpuzamakungu co mu gisagara ca Panama City mu gihugu ca Panama
Prezida wa Amerika, Barack Obama ashitse ku kibuga mpuzamakungu co mu gisagara ca Panama City mu gihugu ca Panama

Prezida wa Amerika, Barack Obama, avuga kw'anejerejwe n’uko igihugu ca Cuba caserurkiwe, mu bubaye ubwa mbere, mu nama y’ibihugu vyo mu karere ka Amerika, umusi umwe imbere yuko prezida Obama, abonana na mugenziwe wa Cuba, Raul Castro.

Prezida Obama yatangaje, mw’ijambo yashikirije ku musi wa gatanu, abayoboye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, mu nama y’abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ka Amerika, mu gisagara ca Panama City, muri Panama ko yizeye kw’utwigoro twa Amerika tw’ugusubira kugiranira imigenderanire na Cuba, bizotuma ubuzima bw’abanya Cuba bwisununura.

Prezida Obama, yatangaje kw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ariyo atuma ibintu bihinduka.

Icegera c’umuhanuzi wa prezida Obama, ku bibazo vyerekeye umutekano, Ben Rhodes, yabwiye abamenyeshamakuru mu nama y’abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ka Amerika, ko prezida Obama na prezida wa Cuba Raul Castro, baza kuganira uno musi ku wa gatandatu, ku ruhande rw’iyo nama. Yamenyesheje kw’ivyerekeye iyo nama bikiriko biratunganywa.

Presidence ya Amerika yatangaje kandi, ku musi wa gatanu, ko prezida Obama, yavuganye kw’itelefone na Raul Catsro, ku musi wa gatatu.

XS
SM
MD
LG