Uko wahagera

Prezida w'Amerika Barack Obama Azogenderera Kenya


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama

Prezida Barack Obama arategura urugendo mu gihugu se wiwe yamukamwo ca Kenya. Urwo rugendo ruzoba rubaye urwiwe rwa mbere ari prezida.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, mu biro kwa prezida, Eric Schultz, yaawiye abamenyeshamakuru, ku musi wa mbere, ko prezida Obama ,azoja mu gihugu ca Kenya, mu mpera z’ukwezi kw’indwi, mu nama ku bijanye n’imirimo y’ukwiteza imbere kw’isi.

Schultz, yatangaje kw’ata makuru afise, ku mataliki y’ukuri, y’urugendo rwiwe muri Kenya, canke nimba afise imigambi y’ukubonana n’umuryango wiwe, mu gihe azoba ari mu gihugu ca Kenya.

Prezida Obama, amaze kugira urugendo, incuro zitatu, muri Afrika, ari mu mabanga ya prezida, yamara ntiyari bwigere agendera igihugu ca Kenya, aho se wiwe, yavukiye, akamara igice kinini c’ubuzima bwiwe.

Obama yaheruka kauja, mu gihugu ca Kenya, imbere yuko aba prezida wa Amerika, harimwo urugendo yagize, muri Kenya, igihe yari umu Senateri.

XS
SM
MD
LG