Uko wahagera

Umudereva wa Kabiri w'Indege Airbus A320 Yayigirishije Isanganya n'Impaka


Agasandugu gafata amajwi k'indege, Airbus A320 yasambukiye mu misozi ya Alpes mu gihugu c'Ubufransa.
Agasandugu gafata amajwi k'indege, Airbus A320 yasambukiye mu misozi ya Alpes mu gihugu c'Ubufransa.

Umushikirizamanza w’Umufransa yatangaje, ku musi wa kane, kw’umudereva agira kabiri w’indege itwara abantu y’ishirahamwe Germanwings, yasanzariye, mu misozi ya Alpes, mu gihugu c’Ubufransa, muri iyi ndwi yagerageje n’impaka kugirisha impanuka iyo ndege.

Umushikirizamanza mu gisagara ca Marseilles, Brice Robin, yatangaje kw’uwo mudereva wa kabiri, Andreas Lubitz, yugaranye umudereva w’indege Airbus A 320, hanze ya cabine y’iyo ndege, mu nyuma aca arihutisha ukumanuka kw’iyo ndege yariko igenda ku bilometero 700 kw’isaha, ayisamburira mu misozi iri, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu c’Ubufransa. Abantu bose ijana na mirongo itanu bari muri iyo ndege barapfuye.

Brice Robin, avuga kw’ukumanuka kw’iyo ndege kwabaye n’impaka. Avuga kw’uko ibiri kwose vyagizwe n’impaka.

Robin, avuga kw’abajejwe itohoza, inyuma yuko bumvirije amajwi muri iyo ndege yo mu minuta ya nyuma yayo, yafashwe mu gasandugu gafata amajwi k’iyo ndege, bumvise capitaine w’iyo ndege ariko adodora ku mwango wa cabine yayo wari wugaye, igihe yagerageza kugaruka muri cabine.

Robin, avuga kw’umudereva wa kabiri, Andreas Lubitz, yanse kwugurura umwango wa cabine, kandi kw’atariko avugana n’abajejwe kuyobora indege, mu minuta ya nyuma y’indege Airbus A320. Umushikirizamanza Brice Robin avuga kw’afatiye ku majwi ari, mu gasandugu gafata amajwi muri cabine, y’indege Airbus A320, abari muri iyo ndege babonye, ku munuta wa nyuma, kw’iyo ndege yari igiye gusambuka.

Amenyesha ko bumvise abantu bari muri iyo ndege bakoma induru, ku munuta wa nyuma.

XS
SM
MD
LG